ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 15:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Umusi umwe, Puli+ umwami wa Ashuri aza gutera Isirayeli. Menahemu aca amuha italanto* 1.000 z’ifeza, kugira ngo Puli amufashe gukomeza ubutegetsi bwiwe+.

  • 2 Abami 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Igihe kimwe, Shalumaneseri umwami wa Ashuri yaraje kumutera+, maze Hosheya yemera kuganzwa na we, atangura no kumuha ikori*+.

  • Hoseya 5:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Igihe Efurayimu yabona indwara yiwe, Yuda na we akabona igisebe ciwe,

      Efurayimu yaciye aja i Ashuri+, arungika intumwa ku mwami ahambaye.

      Ariko uwo mwami ntiyashoboye kubavura,

      canke ngo abakize igisebe canyu.

  • Hoseya 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Efurayimu ameze nk’inuma y’igihwiji, itagira ubwenge*+.

      Batabaje Misiri+ bongera basaba Ashuri ngo ibafashe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika