29 Abantu batanguye kuba benshi, aca avuga ati: «Uru runganwe ni urunganwe rw’abantu babi. Ruriko rurondera ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso ruzohabwa atari ikimenyetso ca Yona+. 30 Nk’uko Yona+ yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni ko n’Umwana w’umuntu azoba ikimenyetso kuri uru runganwe.