2 Kubera iki none ata n’umwe yari ahari igihe naza?
Kubera iki ata n’umwe yitavye igihe nahamagara+?
Mbega ukuboko kwanje kwoba ari kugufi ku buryo kudashobora gucungura?
Canke nta bubasha mfise bwo kurokora+?
Raba! Ndakankamira ikiyaga kikuma+.
Ntuma inzuzi zihinduka ubugaragwa+.
Amafi ariyo arabora kubera ata mazi,
akicwa n’inyota.