19 Yigiye imbere gatoyi, abona Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani. Bari mu bwato bwabo bari kumwe na se wabo Zebedayo bariko barasanasana insenga zabo+, 20 ubwo nyene aca arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebedayo mu bwato ari kumwe n’abakozi biwe, na bo baramukurikira.