-
Matayo 6:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Mwiyubare ntimuze murakora ivyiza* kugira mwiyerekane+. Ahandiho So wanyu ari mw’ijuru nta mpembo azobaha. 2 Niwafasha aboro* rero, ntuce ugenda urabiririmba nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira abantu babaninahaze. Ni ukuri ndabibabwiye, baramaze kuronka impembo yabo yose.
-