ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  2 Abami b’isi bahagurutse,

      n’abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe*+

      kugira barwanye Yehova n’uwo yarobanuye*+.

  • Matayo 20:18, 19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa+, 19 bamushire mu maboko y’abanyamahanga kugira bamutyekeze, bamushishagure hanyuma bamumanike ku giti+. Ariko azozurwa ku musi ugira gatatu+.»

  • Luka 23:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Abo bantu bose rero baca barahaguruka, bamujana kwa Pilato+.

  • Yohani 18:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Hanyuma bakura Yezu kwa Kayifa, bamujana ku kirimba kwa buramatari+. Hari mu gatondo ka kare. Mugabo Abayuda ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, kugira ntibahumane+ maze bashobore kurya Pasika.

  • Ivyakozwe 3:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaraninahaje Umusavyi wayo+ Yezu+, umwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, kandi yari yafashe ingingo yo kumurekura.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika