28 Hanyuma bakura Yezu kwa Kayifa, bamujana ku kirimba kwa buramatari+. Hari mu gatondo ka kare. Mugabo Abayuda ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, kugira ntibahumane+ maze bashobore kurya Pasika.
13 Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaraninahaje Umusavyi wayo+ Yezu+, umwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, kandi yari yafashe ingingo yo kumurekura.