-
Mariko 15:16-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 Abasoda baca bamujana mu rugo, ni ukuvuga ku kirimba kwa buramatari, hanyuma bakoranya umugwi wose w’abasirikare+. 17 Bamwambika impuzu y’umuyugubwe*, baca bajisha urugori rw’amahwa bararumwambika. 18 Batangura kuza baramuramutsa bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda+!» 19 Vyongeye, baza baramukubita irenga mu mutwe bongera bamucirako amate, bakaza baramupfukamira bongera bamwunamira. 20 Amaherezo, bahejeje kumutwenga, bamwambura ya mpuzu y’umuyugubwe, bamwambika impuzu ziwe. Baraheza bamujana kumumanika ku giti+.
-