27 Yezu n’abigishwa biwe baca bava ng’aho, baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo. Bari mu nzira, atangura kubaza abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+?» 28 Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri “Yohani Umubatizi+”, abandi ngo uri “Eliya+”, abandi na bo ngo uri “umwe mu bahanuzi.”»