Zaburi 22:6, 7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Ariko jewe ndi umusiba, sindi umuntu.Abantu barantuka* kandi bakansuzugura+. 7 Abambona bose bantwengera mw’ijigo+.Baranyinyirwa bakazunza umutwe, bakavuga ngo+: Yesaya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita,amatama yanje ndayaha abanshikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate+. Yesaya 53:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Abantu baramusuzugura, bakamwinuba+.Yari umuntu agenewe gushikirwa n’imibabaro*, kandi azi indwara ico ari co. Wamenga mu maso hiwe hari hanyegejwe ntituhabone*. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’aho ata co amaze+. Luka 23:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Maze Herodi aramusuzugura+ ari kumwe n’abasoda biwe, yongera aramutwenga+ mu kumwambika impuzu nziza, aca amusubiza kwa Pilato.
6 Ariko jewe ndi umusiba, sindi umuntu.Abantu barantuka* kandi bakansuzugura+. 7 Abambona bose bantwengera mw’ijigo+.Baranyinyirwa bakazunza umutwe, bakavuga ngo+:
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita,amatama yanje ndayaha abanshikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate+.
3 Abantu baramusuzugura, bakamwinuba+.Yari umuntu agenewe gushikirwa n’imibabaro*, kandi azi indwara ico ari co. Wamenga mu maso hiwe hari hanyegejwe ntituhabone*. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’aho ata co amaze+.
11 Maze Herodi aramusuzugura+ ari kumwe n’abasoda biwe, yongera aramutwenga+ mu kumwambika impuzu nziza, aca amusubiza kwa Pilato.