ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 18:1-5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Muri uwo mwanya, abigishwa begera Yezu maze bamubaza bati: «Ni nde asumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru+?» 2 Aca ahamagara umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, 3 maze avuga ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, nimutahinduka* ngo mumere nk’abana batoyi+, ntimuzogenda mwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru+. 4 Uwusumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru rero, ni uwicisha bugufi akamera nk’uyu mwana+. 5 Uwo wese yakiriye umwana mutoyi nk’uyu kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye.

  • Luka 9:46-48
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 46 Intumwa zica zitangura guharira zirondera kumenya uwari mukuru muri bo+. 47 Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca afata umwana mutoyi, amuhagarika iruhande yiwe 48 maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+.»

  • Luka 22:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Ariko baca batangura guharira cane kugira bamenye uwari mukuru muri bo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika