-
Matayo 18:1-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Muri uwo mwanya, abigishwa begera Yezu maze bamubaza bati: «Ni nde asumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru+?» 2 Aca ahamagara umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, 3 maze avuga ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, nimutahinduka* ngo mumere nk’abana batoyi+, ntimuzogenda mwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru+. 4 Uwusumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru rero, ni uwicisha bugufi akamera nk’uyu mwana+. 5 Uwo wese yakiriye umwana mutoyi nk’uyu kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye.
-
-
Luka 9:46-48Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
46 Intumwa zica zitangura guharira zirondera kumenya uwari mukuru muri bo+. 47 Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca afata umwana mutoyi, amuhagarika iruhande yiwe 48 maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+.»
-