ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 20:26-28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe+. Ahubwo uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 27 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu+, 28 nk’uko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»

  • Mariko 10:43-45
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 43 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose. 45 Kuko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»

  • Abafilipi 2:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 N’ikiruta ivyo, igihe yaza ari umuntu*, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu+, emwe urupfu rwo ku giti co kubabarizwako*+. 9 Ico nyene ni co catumye Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane+, igashima kumuha izina riruta ayandi yose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika