Matayo 13:54 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 54 Amaze gushika mu karere iwabo+, atangura kubigishiriza mw’isinagogi yabo, ku buryo batangara bakavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibi bitangaro+? Mariko 6:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi. Benshi mu bariko baramwumviriza baratangara cane, bavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kubera iki yahawe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo+? Yohani 6:42 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 42 Bavuga bati: «Uyu si Yezu mwene Yozefu? Se na nyina ntitubazi+? Bishoboka gute none ngo avuge ngo: “Namanutse mva mw’ijuru”?»
54 Amaze gushika mu karere iwabo+, atangura kubigishiriza mw’isinagogi yabo, ku buryo batangara bakavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibi bitangaro+?
2 Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi. Benshi mu bariko baramwumviriza baratangara cane, bavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kubera iki yahawe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo+?
42 Bavuga bati: «Uyu si Yezu mwene Yozefu? Se na nyina ntitubazi+? Bishoboka gute none ngo avuge ngo: “Namanutse mva mw’ijuru”?»