ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 6:25-30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Ni co gituma ndababwiye nti: Nimureke kwiganyira+ ku vyo muzorya, ivyo muzonywa canke ivyo muzokwambara+. Mbega ubuzima ntiburuta ivyo kurya, n’umubiri ukaruta ivyambarwa+? 26 Nimwihweze inyoni zo mu kirere+: ntizibiba imbuto, ntizimbura canke ngo zegeranirize mu bigega. Ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro? 27 Ni nde muri mwebwe yoshobora kwongereza akanya na gatoyi* ku kiringo c’ubuzima bwiwe kubera ukwiganyira+? 28 Vyongeye, kubera iki mwiganyira ku bijanye n’ivyambarwa? Nimukure icigwa ku kuntu amashurwe* yo mw’ishamba akura: ntacumukura canke ngo ajishe impuzu. 29 Ariko ndababwiye ko na Salomo ari Salomo+ mu bwiza* bwiwe atari ashajije nka rimwe muri yo. 30 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’ishamba biriho uno musi ariko ejo bigatererwa mu muriro*, none ntizorushiriza kubambika, ga mwa bantu b’ukwizera guke?

  • Abafilipi 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+. Ahubwo mu bihe vyose, ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana mu gusenga, mu gutakamba no mu gukenguruka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika