3 Igihe mwamaze mukora ivyo amahanga agomba kirahagije+. Mwari mwihebeye inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo, mukirekerana mu bijanye n’ivyipfuzo bibi, mukanywa birenze, mukidagadura birenze, mukaja hamwe kugira munywe inzoga nyinshi, mugasenga n’ibigirwamana kandi bizira+.