Luka 18:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Hanyuma abaha ikigereranyo kugira abereke ko bakeneye kwama basenga kandi ntibarambirwe+. Abaroma 12:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Nimunezerwe kubera icizigiro. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. Abanyefeso 6:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Ivyo mubigire mubandanya no gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Ku bw’ivyo, mugume murikanuye, mutakamba igihe cose ku bw’aberanda bose.
18 Ivyo mubigire mubandanya no gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Ku bw’ivyo, mugume murikanuye, mutakamba igihe cose ku bw’aberanda bose.