3 Hashemezwe Imana yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yatumye tuvuka bushasha yisunze imbabazi zayo nyinshi+, ngo tugire icizigiro kizima+ biciye kw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye+, 4 ngo turonke intoranwa itabora, idahumanye kandi idakabirana+. Iyo ntoranwa muyibikiwe mw’ijuru+,