7 Ahubwo barabonye ko nari najejwe kumenyesha inkuru nziza abatagenyerewe+, nk’uko na Petero yari yajejwe kuyimenyesha abagenyerewe. 8 Nakare umwe yaha Petero ububasha ngo abe intumwa ku bagenyerewe, ni na we yampaye ububasha ngo mbe intumwa ku bantu bo mu mahanga+.