ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 8:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ariko Sawuli, atangura gutoteza ishengero. Yaritera mu nzu no mu yindi, akaburutira hanze abagabo n’abagore, akabata mw’ibohero+.

  • Ivyakozwe 9:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Mugabo Sawuli yari akigira iterabwoba rikaze ku bigishwa b’Umukama+, arondera no kubica. Ni kwo kuja ku muherezi mukuru, 2 amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri ya nzira y’Umukama+ abajane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore bose hamwe.

  • Abagalatiya 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Emwe mwarumvise inyifato nari mfise nkiri mw’idini ry’Abayuda+, yuko naguma mpama cane* ishengero ry’Imana nkongera nkaritikiza+.

  • Abafilipi 3:5, 6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 nagenyerewe ku musi ugira umunani+, nkaba nkomoka mw’ihanga rya Isirayeli, mu muryango wa Benyamini, nkaba ndi Umuheburayo yavutse ku Baheburayo+. Mu vyo kwubahiriza amategeko, ndi Umufarizayo+. 6 Mu bijanye no kugira umwete, narahama ishengero+. Mu bijanye no gukurikiza ibigororotse hisunzwe amategeko, nari umuntu atagirako umugayo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika