20 Mu vy’ukuri, nimba bamaze kuva mu buhumane bw’isi+ kubera bamenye neza Umukama Yezu Kristu akaba n’Umukiza wacu, hanyuma bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bikabarusha inguvu, iherezo ryabo riba ribaye ribi gusumba uko ivyabo vyari mu ntango+.