Matayo 4:10, 11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Yezu amwishura ati: «Mvako Shetani! Kuko vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”» 11 Shetani aca aramureka+ maze abamarayika baraza, batangura kumwitwararika*+. Luka 4:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Shetani ahejeje kumugerageza, aca aramureka aragenda gushika aronse akandi karyo keza+.
10 Yezu amwishura ati: «Mvako Shetani! Kuko vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”» 11 Shetani aca aramureka+ maze abamarayika baraza, batangura kumwitwararika*+.