ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 51:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Babiloni yabaye igikombe c’inzahabu mu kuboko kwa Yehova.

      Babiloni yaboreje isi yose.

      Amahanga yose yanyoye umuvinyu wiwe+,

      ni co gituma asara+.

       8 Babiloni yatemvye giturumbuka aravunika+.

      Nimumuborogere+.

      Nimurondere amavuta yo kuvura* ububabare bwiwe. Hari aho yokira.»

  • Ivyahishuwe 17:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi+ araza, ambwira ati: «Ingo nkwereke urubanza rwaciriwe wa mumaraya akomeye yicaye ku mazi menshi+, 2 umwe yasambana*+ n’abami bo kw’isi, ababa kw’isi na bo bakaborerwa umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe+.»

  • Ivyahishuwe 18:2, 3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Aca arasemerera n’ijwi rikomeye ati: «Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse ikibanza c’amadayimoni, ubuhungiro bw’impwemu* zose zihumanye n’inyoni zose zihumanye kandi zankwa+! 3 Kubera umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe bukaze*, amahanga yose yaraguye mu mutego wiwe+, abami bo kw’isi na bo barakoranye ubusambanyi na we+, kandi abadandaza* bo kw’isi baratungishijwe n’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika