ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyahishuwe 13:16-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Kirahata abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’abakene, abidegemvya n’abashumba, ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kw’ukuryo canke mu ruhanga+, 17 kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora kugura canke kugurisha adafise ico kimenyetso, ni ukuvuga izina+ ry’ico gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+. 18 Aho rero ni ho hasaba ubukerebutsi: uwufise ubwenge* naharure igitigiri c’ico gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu. Ico gitigiri ni 666+.

  • Ivyahishuwe 16:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Uwa mbere aca aragenda, asuka ibakure yiwe kw’isi+. Abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+ baca bafatwa n’ibisebe bibabaza kandi bikaze+.

  • Ivyahishuwe 20:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika