-
Ivyahishuwe 13:16-18Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 Kirahata abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’abakene, abidegemvya n’abashumba, ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kw’ukuryo canke mu ruhanga+, 17 kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora kugura canke kugurisha adafise ico kimenyetso, ni ukuvuga izina+ ry’ico gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+. 18 Aho rero ni ho hasaba ubukerebutsi: uwufise ubwenge* naharure igitigiri c’ico gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu. Ico gitigiri ni 666+.
-
-
Ivyahishuwe 20:4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
4 Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000.
-