ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abagalatiya 5:19-21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Rero ibikorwa vy’umubiri biribonekeza neza, bikaba ari ubusambanyi*+, ubuhumane, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, 20 gusenga ibigirwamana, ubupfumu*+, urwanko, imiryano, ishari, ibishavu, amahane, amacakubiri, kurema utugwi tw’idini, 21 inzigo, akaborerwe+, ukwidagadura birenze, n’ibindi nk’ivyo+. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene maze kubaburira, yuko abaza barakora mwene ivyo batazotorana Ubwami bw’Imana+.

  • Abanyefeso 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Kuko ibi mubizi kandi mukavyiyemerera: nta musambanyi*+ canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho+, ni ukuvuga uwusenga ibigirwamana, azogira ico atorana mu Bwami bwa Kristu n’Imana+.

  • Ivyahishuwe 21:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Ariko abanyabwoba, abatagira ukwizera+, abantu bahumanye kandi bakora ibisesemye, abicanyi+, abasambanyi*+, abakora ivy’ubupfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose+, bazotererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku*+. Ico kiyaga gisobanura urupfu rwa kabiri+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika