Bibiliya y’isi nshasha (nwt) Itanguriro: ibirimwo ITANGURIRO IBIRIMWO MURI MAKE 1 Ijuru n’isi biremwa (1, 2) Imisi itandatu yo gutegura isi (3-31) Umusi wa 1: umuco, umurango n’ijoro (3-5) Umusi wa 2: ikirere (6-8) Umusi wa 3: ubutaka bwumutse n’ibiterwa (9-13) Umusi wa 4: ibitangamuco vyo mu kirere (14-19) Umusi wa 5: amafi n’inyoni (20-23) Umusi wa 6: ibikoko n’abantu (24-31) 2 Imana iruhuka ku musi ugira indwi (1-3) Yehova Imana, Umuremyi w’ijuru n’isi (4) Umugabo n’umugore mw’itongo rya Edeni (5-25) Imana ibumba umuntu mu mukungugu (7) Itegeko ribuza kurya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi (15-17) Imana irema umugore (18-25) 3 Ingene igicumuro catanguye (1-13) Ikinyoma ca mbere (4, 5) Yehova acira urubanza abagarariji (14-24) Ubuhanuzi bujanye n’uruvyaro rwa wa mugore (15) Birukanwa muri Edeni (23, 24) 4 Kayini na Abeli (1-16) Abakomoka kuri Kayini (17-24) Seti n’umuhungu wiwe Enoshi (25, 26) 5 Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa (1-32) Adamu avyara abahungu n’abakobwa (4) Henoki yagendana n’Imana (21-24) 6 Abamarayika birongorera abagore bo kw’isi (1-3) Abanefili bavuka (4) Yehova ababazwa n’ububisha bw’abantu (5-8) Nowa asabwa kwubaka ubwato (9-16) Imana imenyesha ko igiye kuzana umwuzure (17-22) 7 Binjira mu bwato (1-10) Umwuzure utera kw’isi yose (11-24) 8 Amazi y’umwuzure agabanuka (1-14) Nowa arungika inuma (8-12) Bava mu bwato (15-19) Umuhango w’Imana ku bijanye n’isi (20-22) 9 Ivyo Imana yasavye abantu bose kwubahiriza (1-7) Itegeko rijanye n’amaraso (4-6) Isezerano ry’umunywamazi (8-17) Ubuhanuzi bwerekeye uruvyaro rwa Nowa (18-29) 10 Inkomoko y’amahanga (1-32) Abakomotse kuri Yafeti (2-5) Abakomotse kuri Hamu (6-20) Nimurodi arwanya Yehova (8-12) Abakomotse kuri Shemu (21-31) 11 Umunara w’i Babeli (1-4) Yehova avurunganya ururimi rw’abantu (5-9) Kuva kuri Shemu gushika kuri Aburamu (10-32) Umuryango wa Tera (27) Aburamu ava i Uri (31) 12 Aburamu ava i Harani akaja i Kanani (1-9) Imana iha umuhango Aburamu (7) Aburamu na Sarayi mu Misiri (10-20) 13 Aburamu agaruka i Kanani (1-4) Aburamu na Loti batandukana (5-13) Imana isubiriramwo Aburamu umuhango yamuhaye (14-18) 14 Aburamu arokora Loti (1-16) Melekisedeki ahezagira Aburamu (17-24) 15 Imana igiranira isezerano na Aburamu (1-21) Imana imenyesha imyaka 400 y’agatotezo (13) Imana isubiriramwo Aburamu umuhango yamuhaye (18-21) 16 Hagari na Ishimayeli (1-16) 17 Aburahamu azoba se w’amahanga menshi (1-8) Aburamu ahindurirwa izina akitwa Aburahamu (5) Isezerano ry’ukugenyerwa (9-14) Sarayi ahindurirwa izina akitwa Sara (15-17) Imana isezerana ivuka rya Izahaki (18-27) 18 Abamarayika batatu bagendera Aburahamu (1-8) Sara asezeranirwa kuvyara umuhungu, agaca atwenga (9-15) Aburahamu atakambira Imana ngo ntitikize Sodomu (16-33) 19 Loti agenderwa n’abamarayika (1-11) Loti n’umuryango wiwe basabwa guhunga (12-22) Sodomu na Gomora hatikizwa (23-29) Muka Loti acika inkingi y’umunyu (26) Loti n’abakobwa biwe (30-38) Inkomoko y’Abanyamowabu n’Abamoni (37, 38) 20 Abimeleki asubiza Sara (1-18) 21 Izahaki avuka (1-7) Ishimayeli acokora Izahaki (8, 9) Hagari na Ishimayeli birukanwa (10-21) Aburahamu agiranira isezerano na Abimeleki (22-34) 22 Aburahamu asabwa gutanga Izahaki (1-19) Uruvyaro rwa Aburahamu ruzozana imihezagiro (15-18) Umuryango wa Rebeka (20-24) 23 Urupfu rwa Sara n’aho bamuhamvye (1-20) 24 Izahaki arondererwa umugore (1-58) Rebeka aja kwa Izahaki (59-67) 25 Aburahamu asubira kurongora (1-6) Urupfu rwa Aburahamu (7-11) Abahungu ba Ishimayeli (12-18) Yakobo na Esawu bavuka (19-26) Esawu agurisha uburenganzira bwiwe bw’imfura (27-34) 26 Izahaki na Rebeka i Gerari (1-11) Imana ikura amazinda Izahaki ko izoshitsa umuhango wayo (3-5) Abungere bapfa amariba y’amazi (12-25) Izahaki agiranira isezerano na Abimeleki (26-33) Abagore babiri ba Esawu b’Abahetikazi (34, 35) 27 Izahaki ahezagira Yakobo (1-29) Esawu arondera guhezagirwa mugabo ata kwigaya afise (30-40) Esawu agirira inzigo Yakobo (41-46) 28 Izahaki arungika Yakobo i Padani-Aramu (1-9) Indoto Yakobo yarose ari i Beteli (10-22) Imana ikura amazinda Yakobo ko izoshitsa umuhango wayo (13-15) 29 Yakobo ahura na Rasheli (1-14) Yakobo akunda Rasheli (15-20) Yakobo arongora Leya na Rasheli (21-29) Abahungu bane Yakobo yavyaranye na Leya: Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda (30-35) 30 Biluha avyara Dani na Nafutali (1-8) Zilupa avyara Gadi na Asheri (9-13) Leya avyara Isakari na Zabuloni (14-21) Rasheli avyara Yozefu (22-24) Ibitungwa vya Yakobo vyongerekana (25-43) 31 Yakobo ahungira i Kanani mu mpisho (1-18) Labani akurikira Yakobo akamushikira (19-35) Yakobo agiranira isezerano na Labani (36-55) 32 Yakobo ahura n’abamarayika (1, 2) Yakobo yitegurira guhura na Esawu (3-23) Yakobo anyinyurana n’umumarayika (24-32) Yakobo ahindurirwa izina akitwa Isirayeli (28) 33 Yakobo ahura na Esawu (1-16) Yakobo ashika i Shekemu (17-20) 34 Dina afatwa ku nguvu (1-12) Amayeri y’abahungu ba Yakobo (13-31) 35 Yakobo yikurako imana z’inyamahanga (1-4) Yakobo agaruka i Beteli (5-15) Benyamini avuka, Rasheli agaca apfa (16-20) Abahungu 12 ba Isirayeli (21-26) Urupfu rwa Izahaki (27-29) 36 Abakomoka kuri Esawu (1-30) Abami n’abatware ba Edomu (31-43) 37 Indoto za Yozefu (1-11) Benewabo na Yozefu bamugirira ishari (12-24) Yozefu agurishwa ngo aje kuba umuja (25-36) 38 Yuda na Tamari (1-30) 39 Yozefu mu rugo kwa Potifari (1-6) Yozefu yanka kuryamana na muka Potifari (7-20) Yozefu mw’ibohero (21-23) 40 Yozefu asobanura indoto z’abo bapfunganywe (1-19) «None Imana si yo itanga insobanuro?» (8) Umusi mukuru wo kwibuka ivuka rya Farawo (20-23) 41 Yozefu asobanura indoto za Farawo (1-36) Farawo ashira hejuru Yozefu (37-46a) Yozefu ahagarikira igikorwa co kwegeranya no gutanga ibifungurwa (46b-57) 42 Benewabo na Yozefu baja mu Misiri (1-4) Yozefu abonana na benewabo, agaca abageza (5-25) Benewabo na Yozefu basubira kwa Yakobo (26-38) 43 Benewabo na Yozefu basubira mu Misiri bari kumwe na Benyamini (1-14) Yozefu asubira kubonana na benewabo (15-23) Yozefu asangira na benewabo (24-34) 44 Igikombe ca Yozefu mw’igunira rya Benyamini (1-17) Yuda atakambira Yozefu ngo abasubize Benyamini (18-34) 45 Yozefu yimenyesha benewabo (1-15) Benewabo na Yozefu baja kuzana Yakobo (16-28) 46 Yakobo n’abo mu rugo rwiwe bimukira mu Misiri (1-7) Amazina y’abimukiye mu Misiri (8-27) Yozefu asanga Yakobo i Gosheni (28-34) 47 Yakobo abonana na Farawo (1-12) Yozefu ayobora igihugu neza (13-26) Isirayeli aba i Gosheni (27-31) 48 Yakobo ahezagira abahungu babiri ba Yozefu (1-12) Efurayimu ahezagirwa kuruta mwenewabo (13-22) 49 Ubuhanuzi Yakobo yashikirije agira apfe (1-28) Shilo azokomoka mu muryango wa Yuda (10) Yakobo abwira abahungu biwe ingene bazomuhamba (29-32) Urupfu rwa Yakobo (33) 50 Yozefu aja guhamba Yakobo i Kanani (1-14) Yozefu ahumuriza benewabo ko yabahariye (15-21) Imisi ya nyuma ya Yozefu n’urupfu rwiwe (22-26) Yozefu abwira benewabo uko bazogenza amagufa yiwe (25)