IKIBAZO CA 7
Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’iki gihe cacu?
«Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami . . . Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ibihe vy’umubabaro ukomeye.»
«Hazokwaduka abahanuzi benshi b’ikinyoma kandi bazozimiza benshi. Kubera ko ubugarariji buzoba bwongerekanye, urukundo rw’abantu benshi ruzotimba.»
«Nimwumva intambara n’amakuru y’intambara, ntimuze mugire ubwoba. Ivyo bintu bitegerezwa kuba, ariko iherezo ntirizoba rirashika.»
«Hazoba vya nyamugigima bikomeye, kandi hazotera inzara n’indwara z’ibiza biva hamwe bija ahandi. Hazoboneka ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso bikomeye biva mw’ijuru.»
«Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, bishima, bibona, bavuga nabi Imana n’abantu, bagambararira abavyeyi, ari intashima, ibihemu, badakunda ababo, badashaka kwumvikana na gato, bambika ibara abandi, batigumya, ari inkazi, badakunda iciza, bagirira nabi abagenzi babo, ari intumva, bivyimvya, bakunda ivyo kwinezereza aho gukunda Imana, basa n’abantu bubaha Imana mugabo ntibabeho nk’abayubaha.»