ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt rup. 28-rup. 29
  • Ikibazo ca 16: Wokwihanganira gute amaganya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo ca 16: Wokwihanganira gute amaganya?
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ikibazo ca 16: Wokwihanganira gute amaganya?

IKIBAZO CA 16

Wokwihanganira gute amaganya?

«Terera umuzigo wawe kuri Yehova, na we azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi atemba.»

Zaburi 55:22

«Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa, ariko abihutagiza bose bibashikana ku bukene.»

Imigani 21:5

«Ntutinye kuko ndi kumwe nawe. Ntuhagarike umutima kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza, emwe nzogufasha. Vy’ukuri, nzogufata n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi, ndakugumye.»

Yesaya 41:10

«Ni nde muri mwebwe yoshobora kwongereza akanya na gatoyi ku kiringo c’ubuzima bwiwe kubera ukwiganyira?»

Matayo 6:27

«Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Umusi wose urifitiye ingorane zawo.»

Matayo 6:34

«[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.»

Abafilipi 1:10

Inabibondo ariko arasenga ari kumwe n’umukobwa wiwe imbere y’uko bafungura

«Ntimwiganyire ku kintu na kimwe. Ahubwo mu bihe vyose, ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana mu gusenga, mu gutakamba no mu gukenguruka. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.»

Abafilipi 4:6, 7

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • Injira
    Rungika