31 Inyuma y’ivyo Tera afata Aburamu umuhungu wiwe na Loti umuhungu wa Harani, umwuzukuru wiwe+, na Sarayi+ umukazana wiwe, umugore wa Aburamu umuhungu wiwe, baraheza bajana na we bavuye i Uri h’Abakaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani+. Mu nyuma bashika i Harani+ maze babayo.