17 Inderetsi+ yari ihagaze ku munara+ i Yezireyeli+, maze ibona ikigwi kigigimba c’abagabo ba Yehu igihe yariko araza, ica ivuga iti: “Ndabona ikigwi c’abagabo kigigimba.” Yehoramu aca avuga ati: “Tora uwurwanira kw’ifarasi umurungike guhura na bo, aheze avuge ati: ‘Ni amahoro+?’”