2 Maze Yeshuwa+ mwene Yehozadaki na bene wabo ari bo baherezi, na Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na bene wabo, barahaguruka bubaka igicaniro c’Imana ya Isirayeli, kugira ngo bagishikaneko ibimazi biturirwa, bisunze ivyanditswe+ mw’itegeko rya Musa umuntu w’Imana y’ukuri.