Akajambo k'epfo
a Igihe Petero yagendera Antiyokiya y’i Siriya, yaranezerewe no kwifatanya mu buryo buranga igishika n’Abanyamahanga bizera. Ariko rero, igihe Abakirisu b’Abayuda bashika bavuye i Yeruzalemu, Petero ‘yariyonjoroye, arabanena, kuko atinye abo mu bakebwe.’ Turashobora kwibaza umubabaro abo Banyamahanga bahindukiriye ubukirisu bategerezwa kuba baragize, igihe iyo ntumwa bubaha yanka gusangira na bo.—Ab’i Galatiya 2:11-13.