-
Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubahoUmunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
-
-
Bibiliya iratwiganira ingene vyagenze. Shetani wa Mubesheranyi, akoresheje inzoka bwa muvugizi wayo, yaregereye Eva maze amubaza ati: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?”. Aho Eva amariye gusubiramwo itegeko Imana yabahaye, Shetani yasubijeyo ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”. Ku bw’ivyo, Eva yaciye abona ko ico giti ari ico kwipfuzwa cane, araheza “yamura ku vyo camye, arabirya”. Iyo nkuru ibandanya iti: “Ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:1-6). Adamu na Eva bompi rero barakoresheje nabi uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo, maze baracumura mu kugambararira Imana.
Woba utegera ukuntu ivyo vyabaye vyari bikomeye? Wa Mubesheranyi yaravuguruje ivyo Imana yari yabwiye Adamu. Ivyo Shetani yavuze vyasobanura ko Adamu na Eva batari bakeneye gufashwa na Yehova mu gufata ingingo y’icari kubabera ciza canke kibi. Ku bw’ivyo, ibihari Shetani yavyuye vyatumye haba ugukekeranya niba Yehova yoba afise uburenganzira bwo gutegeka umuntu. Ikibazo gihambaye kuruta Shetani yavyuye rero, cari ikijanye n’ukuba Yehova yoba ari we abereye kugaba no kuganza. None Imana y’ukuri yishuye gute ivyo bihari?
-
-
Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubahoUmunara w’Inderetsi—2007 | 15 Nyakanga
-
-
Haraciye hafi imyaka 6.000 Shetani avyuye ibihari ku vyerekeye uburenganzira Imana ifise bwo kuganza. None kahise kahishuye iki? Rimbura ibintu bibiri bigize ikinyoma Shetani yagirije Imana. Ata n’ubwoba, Shetani yabwiye Eva ati: “Haba n’intete ntimuzopfa” (Itanguriro 3:4). Mu kuvuga ko Adamu na Eva batari gupfa baramutse bariye ku camwa babujijwe, neza na neza Shetani yari yise Yehova umubeshi. Mbega ikirego gikomeye! Iyo Imana itaba inyakuri muri ivyo vyabaye, mbega yoshoboye kwizigirwa mu kindi kintu na kimwe gute? Igihe kihaciye coco cagaragaje iki?
Adamu na Eva bategerejwe gushikirwa n’indwara, imibabaro, ubusaza, maze amaherezo barapfa. Bibiliya ivuga iti: “Imisi yose Adamu yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitatu: araheza arapfa” (Itanguriro 3:19; 5:5). Vyongeye, iryo ragi ribi rikomoka kuri Adamu ryarandukiye abantu bose (Abaroma 5:12). Igihe kihaciye rero caragaragaje ko Shetani ari “umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma” be n’uko Yehova ari “we Mana y’ukuri”.—Yohana 8:44, NW; Zaburi 31:5.
-