ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ushobora Kuyobora Urugo Gute?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • 16, 17. (a) Ni itegeko irihe ryatanzwe na Yehova ryakingira Abisirayeli indwara zimwezimwe? (b) Ingingo ngenderwako yihishije mu Gusubira mu Vyagezwe 23:12, 13 ishobora gukurikizwa gute mu rugo?

      16 Rimbura akandi karorero. Haraciye nk’imyaka 3.500 Imana ihaye ihanga rya Isirayeli Ivyagezwe vyayo kugira ngo iringanize ugusenga kwabo, kugira ngo kandi igire ukuntu iringanije ubuzima bwabo bwa misi yose. Ivyo Vyagezwe vyarafashije gukingira iryo hanga indwara mu gushiraho amategeko amwamwe y’ishimikiro agenga isuku. Rimwe muri ayo mategeko ryari rijanye n’uguta umwanda w’umuntu, uwo ukaba wabwirizwa kuzikwa neza kure y’ikambi, ku buryo aho abantu baba hatokwononywe n’umwanda. (Gusubira mu Vyagezwe 23:12, 13) Iryo tegeko rya kera n’ubu riracari impanuro nziza. No muri iki gihe abantu bararwara kandi bagapfa biturutse ku kutarikurikiza.a

  • Ushobora Kuyobora Urugo Gute?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
    • a Mu gitabu gitanga impanuro ku kuntu twokwirinda ugucibwamwo—na yo ikaba ari indwara ikwiragiye henshi ituma abana benshi bapfa—Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Amagara y’Abantu kw’Isi rivuga riti: “Nimba ata kazu ka surwumwe kariho: niwitume kure y’inzu, kandi kure y’aho abana bakinira, ku metero n’imiburiburi 10 uvuye aho muvoma amazi; ayo mazirantoke muyarenzeko ivu.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika