-
Noba umugenzi w’Imana gute?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
-
-
Hariho uwundi muce w’ubugenzi ufitaniye n’Imana udakwiye kwirengagiza. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yanditse ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” (Zaburi 34:8) Igihe Dawidi yatunganya Zaburi ya 34, yari aherutse gushikirwa n’ibintu biteye ubwoba. Yariko arahunga wa Mwami w’umwicanyi Sauli, ico ubwaco kikaba cari ikintu c’agacavutu. Ariko kandi ico gihe yabwirijwe guhungira mu bansi biwe b’Abafilisitiya. Amaze kubona ko kabaye, yaciye yigira umusazi abona kurusimba.—1 Samweli 21:10-15.
Dawidi ntiyabona ko yahakuwe n’ubwenge bwiwe. Ahubwo yavuze ko abikesha Yehova. Mu mirongo itangurira ya Zaburi twavuga, yanditse ati: “Narasiguje Yehova, na we aranyishura, andokora mu binca ivutu vyose.” (Zaburi 34:4) Dawidi rero yahimirije abandi ngo “nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe,” afatiye ku vyo yari yariboneye.a
-
-
Noba umugenzi w’Imana gute?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
-
-
a Iyo mvugo ngo “nimuhonje, mubone” Bibiliya zimwezimwe ziyihindura ngo “nimwibonere,” “nimwirabire.”—Contemporary English Version na Today’s English Version.
-