ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ehe umusavyi Yehova ashima
    Umunara w’Inderetsi—2009 | 15 Nzero
    • 4 Igihe Yezu yari akiri uruyoya, umugabo umwe w’umugororotsi yitwa Simeyoni yaravuze bivuye ku bubasha bw’impwemu nyeranda ko uwo “mwana mutoyi Yezu” yobaye “umuco wo gukura icitwikiro ku mahanga,” nk’uko vyari vyaravuzwe muri Yesaya 42:6 no muri Yesaya 49:6. (Luka 2:25-32) Vyongeye, ukuntu Yezu bamumaramaje muri rya joro yariko aracirwa urubanza, vyari vyaravuzwe imbere y’igihe mu buhanuzi bwo muri Yesaya 50:6-9. (Mat. 26:67; Luka 22:63) Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarerekanye neza ko Yezu yari we “Musavyi” wa Yehova. (Yes. 52:13; 53:11; soma Ibikorwa 3:13, 26.) Ni ibiki none dushobora kwigira kuri ubwo buhanuzi bwerekeye Mesiya?

  • Ehe umusavyi Yehova ashima
    Umunara w’Inderetsi—2009 | 15 Nzero
    • “Umuco” be n’“isezerano”

      11. Ni mu buryo ki Yezu yabaye “umuco w’amahanga” mu kinjana ca mbere, kandi ni gute akibandanya kuba uwo muco muri kino gihe?

      11 Mu gushitsa ibivugwa muri Yesaya 42:6, NW, Yezu yaragaragaje vy’ukuri ko ari “umuco w’amahanga.” Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, Abayuda ni bo ahanini yahaye umuco wo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 15:24; Ibik. 3:26) Ariko Yezu yaravuze ati: “Ndi umuco w’isi.” (Yoh. 8:12) Ntiyabaye gusa umuco ku Bayuda no ku mahanga mu gutuma bamurikirwa mu buryo bw’impwemu, ariko kandi yaranawubaye mu gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube incungu y’umuryango wose w’abantu. (Mat. 20:28) Amaze kuzuka, yaciye ashinga abigishwa biwe igikorwa co kumubera ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Mu gihe c’ubusuku Paulo na Barunaba baranguye, barasubiyemwo iyo mvugo ngo “umuco w’amahanga,” maze bayerekeza ku gikorwa co kwamamaza bariko bararangurira mu batari Abayuda. (Ibik. 13:46-48; gereranya na Yesaya 49:6.) Ico gikorwa n’ubu kibandanya kirangurwa uko benewabo na Yezu basizwe bakiri kw’isi be na bagenzi babo bakwiragiza umuco wo mu buryo bw’impwemu bakongera bagafasha abantu kwizera Yezu, we “muco w’amahanga.”

      12. Yehova yatanze gute Umusavyi wiwe ngo abere “abantu isezerano”?

      12 Muri ubwo buhanuzi nyene, Yehova yabwiye uwo Musavyi wiwe yatoranije ati: “Nzogufata nkuzigame, ngutange ng’ubere abantu isezerano.” (Yes. 42:6) Shetani ntako atagize kugira ngo akureho Yezu yongere amubuze gusozera ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, ariko Yehova yaramuzigamye gushika igihe cashinzwe ko yopfiriyeko kigeze. (Mat. 2:13; Yoh. 7:30) Mu nyuma, Yehova yarazuye Yezu maze aramutanga ngo abe “isezerano” ku bantu bo kw’isi. Iryo sezerano ryagizwe ku mugaragaro ryarabaye ikimenyamenya c’uko uwo Musavyi w’Imana w’umwizigirwa yobandanije kuba “umuco w’amahanga,” maze agakura abantu mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu.​—Soma Yesaya 49:8, 9.b

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika