ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Niwirinde ‘kwironderera ibintu bihambaye’
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
    • 1, 2. (a) Ni ingorane iyihe yashikiye Baruki mu mwaka ugira kane Yehoyakimu ari ku ngoma? (b) Yehova yafashije gute Baruki?

      BARUKI umwanditsi w’intahemuka wa Yeremiya vyarashitse arumva ko arambiwe. Hari mu mwaka ugira kane Umwami w’umubisha Yehoyakimu ari ku ngoma, nko mu 625 B.G.C. Umuhanuzi Yeremiya yarabwiye uwo mwanditsi ngo yandike mu muzingo w’igitabu ivyo Yehova yari yaravuze vyose ku vyerekeye Yeruzalemu be n’ubwami bwa Yuda, uhereye igihe uwo muhanuzi yatangura ico gikorwa co kuvuga ubuhanuzi, ni ukuvuga mu myaka 23 yose yari ihaciye. (Yer. 25:1-3; 36:1, 2) Baruki ntiyaciye asomera Abayuda ivyari muri nya muzingo akimara kuwandika. Ivyo yabigize mu mwaka wakurikiye. (Yer. 36:9, 10) Ariko none, hoba hari ikintu cari kibujije amahoro Baruki?

      2 Baruki yavuze anihagira ati: “Ndagowe rero, kuko Yehova yongeye intuntu ku mubabaro wanje! Ndambiwe n’ukuniha kwanje.” Na wewe bishobora kuba vyarashitse ukumva urambiwe ku buryo userura inyiyumvo ufise mu kunihagirira mu mutima canke ukabigira n’ijwi ryumvikana. Uko Baruki yoba yarabigize kwose, Yehova yarumva. Umwe asuzuma imitima y’abantu yari azi icari kibujije amahoro Baruki, kandi abicishije kuri Yeremiya, yarakosoye Baruki n’umutima mwiza. (Soma Yeremiya 45:1-5.) Ariko hari aho wokwibaza igituma Baruki yumva arambiwe. Yoba yabitumwe n’igikorwa yari yashinzwe canke kumbure yoba yabitewe n’ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe yariko arangura ico gikorwa? Mu vy’ukuri, ivyari mu mutima wiwe ni vyo vyatuma agira iyo ngorane. Urabona, Baruki yariko “[yi]ronderera ibintu bihambaye.” Uti none vyari ibiki? Ni igiki Yehova Imana yavuze ko Baruki yoronse aramutse yemeye impanuro be n’ubuyobozi yari yamuhaye? Vyongeye, ni igiki dushobora kwigira ku vyashikiye Baruki?

  • Niwirinde ‘kwironderera ibintu bihambaye’
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
    • 5 Uca ubona rero igituma Baruki, uwari afise igiti gikomeye ukuraho, vyarashitse akumva arambiwe no kuguma yandika ubutumwa bwerekeye urubanza Yuda yari yaciriwe. Nkako, gufata mu mugongo uwo muhanuzi w’Imana bitegerezwa kuba vyaratumye Baruki ahakwa gukurwa muri ayo mabanga. Vyongeye, zirikana ku vyoshitse Yehova asambuye ico yari yarubatse, nk’uko tubisoma muri Yeremiya 45:4. “Ibintu bihambaye” Baruki yari afise ku muzirikanyi, kwaba kwari ukuduzwa igiti i bwami canke kuronka amatungo y’ivy’umubiri, nta co vyomumariye. Niba Baruki yariko arondera igiti gihambaye mu vy’Abayuda b’ico gihe vyari vyimirije gukurwaho, uca ubona ko Imana yari ifise imvo yumvikana yo kumubuza kwitsimbatazamwo ako gatima.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika