ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
    • 12. Ni igiki abakurambere bishika bakagira kugira ngo bakingire ishengero?

      12 Abayuda batari bake barasuzuguye imfashanyo Yehova atahengeshanya kubaronsa abicishije kuri Yeremiya. Muri iki gihe, umuntu yagirwa n’igicumuro gikomeye na we nyene yoshobora kutigaya, agatera akagere imfashanyo ahabwa n’abakurambere. Muri ico gihe, abakurambere bategerezwa guca bakurikiza ubuyobozi bwo mu Vyanditswe kugira ngo bakingire ishengero mu guca uwo mucumuzi. (1 Kor. 5:11-13; raba uruzitiro ruvuga ngo “Kubaho ata tegeko,” ruri ku rupapuro rwa 73.) None ivyo vyoba bisobanura yuko uwo muntu atazokwigera asubira gutona kuri Yehova? Habe namba. Abisirayeli bari bamaze igihe kirekire bagarariza igihe Imana yababwira iti: “Garuke, yemwe bahungu b’ibihemu. Nzokiza ubuhemu bwanyu.” (Yer. 3:22)a Yehova aratera akamo abacumuzi ngo bamugarukeko. Ntabatera akamo gusa, ahubwo aranabibategeka.

      KUBAHO ATA TEGEKO

      Abayuda boba bari babayeho gute inyuma y’isangangurwa rya Yeruzalemu? Yeremiya arabiducira ku mayange mu majambo dusanga mu Gucura intimba 2:9. Impome z’ico gisagara zari zarasenyuwe, harimwo kumbure n’amarembo yahora agikingiye. N’icavyunyura ni uko ata “tegeko” ryariho. None Yeremiya yoba yashaka kuvuga yuko abari bacitse kw’icumu bigenza nk’impene zo mu ci? Birashoboka cane ko yariko yerekana yuko abo Bayuda batari bagitekaniwe kandi bafashwe mu mugongo nk’uko vyari bimeze igihe hari hariho abaherezi be n’abahanuzi b’abizigirwa babigisha Itegeko ry’Imana. Ico gihe, abo Bayuda bumvira abahanuzi b’ikinyoma batabaronsa ubuyobozi buvuye kuri Yehova, kuko “berekwa” ibitagira akamaro.​—Int. 2:14.

      Umuntu yaciwe mw’ishengero rya gikirisu yoshobora kwumva amerewe nk’ukwo kw’abo Bayuda. Ubu ntacinovora ca gishika ca kivukanyi yahora afitaniye n’abakirisu bagenziwe, be na bwa bwitwararitsi burangwa urukundo abakurambere bamugaragariza. Vyongeye, ntacinovora ya nyigisho ihambaye cane yo mu buryo bw’impwemu. Mw’isi aho ata “tegeko” riva kuri Yehova rihari, yoshobora kwiyumvamwo ko ari akahebwe. Naho ari ukwo, uwo muntu arashobora gusubira kwemerwa na Yehova kandi akinovora imihezagiro myinshi. (2 Kor. 2:6-10) Nta gukeka rero ko wemera yuko kubaho ugamburukira Yehova kandi wama nantaryo wisunga itegeko, ari vyiza cane kuruta kubaho ata tegeko ririho.

  • “Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
    • a Yehova yariko abwira bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko. Hari haciye imyaka nka 100 Abisirayeli bo muri ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi barajanywe ari inyagano, igihe Yeremiya yashikiriza ubwo butumwa. Yarerekanye icese ko gushika ico gihe, iryo hanga ritari bwigaye. (2 Abm. 17:16-18, 24, 34, 35) Naho vyari ukwo, umwumwe wese yari gushobora gusubira gutoneshwa n’Imana, eka mbere akanava muri ubwo bunyagano.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika