ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • «Bimutera ikigongwe»
    “Ingo unkurikire”
    • 3 Naho hari urwamo rw’amasinzi, Yezu arumva ugusemerera kwabo. None aca akora iki? Yifitiye ibintu vyinshi bimuhagaritse umutima. Agira atangure indwi ya nyuma y’ubuzima bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Arazi ko agiye i Yeruzalemu kubabazwa no kwicwa bunyamaswa. Ariko rero, ntiyirengagiza ugutakamba kw’abo bagabo. Arahagarara agasaba ko bamuzanira abo bariko barasemerera. Bamutakambira bati: «Mukama, amaso yacu nahumuke.» Yezu “biramutera ikigongwe”, agakora ku maso yabo, bagaca bahumuka.a Ubwo nyene baca batangura kumukurikira.​—Luka 18:35-43; Matayo 20:29-34.

  • «Bimutera ikigongwe»
    “Ingo unkurikire”
    • a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «bimutera ikigongwe» vyavuzwe ko ari rimwe mu majambo y’ikigiriki aserura impuhwe mu buryo bukomeye kuruta ayandi. Igitabu kimwe kivuga yuko iryo jambo «[riterekeza] gusa ku kibabarwe umuntu agira abonye uwuriko arababara, ahubwo ko ryerekeza no ku cipfuzo gikomeye co gutabara uwo muntu ukamukiza ikimutera uwo mubabaro.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika