-
«Bimutera ikigongwe»“Ingo unkurikire”
-
-
3 Naho hari urwamo rw’amasinzi, Yezu arumva ugusemerera kwabo. None aca akora iki? Yifitiye ibintu vyinshi bimuhagaritse umutima. Agira atangure indwi ya nyuma y’ubuzima bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Arazi ko agiye i Yeruzalemu kubabazwa no kwicwa bunyamaswa. Ariko rero, ntiyirengagiza ugutakamba kw’abo bagabo. Arahagarara agasaba ko bamuzanira abo bariko barasemerera. Bamutakambira bati: «Mukama, amaso yacu nahumuke.» Yezu “biramutera ikigongwe”, agakora ku maso yabo, bagaca bahumuka.a Ubwo nyene baca batangura kumukurikira.—Luka 18:35-43; Matayo 20:29-34.
-
-
«Bimutera ikigongwe»“Ingo unkurikire”
-
-
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «bimutera ikigongwe» vyavuzwe ko ari rimwe mu majambo y’ikigiriki aserura impuhwe mu buryo bukomeye kuruta ayandi. Igitabu kimwe kivuga yuko iryo jambo «[riterekeza] gusa ku kibabarwe umuntu agira abonye uwuriko arababara, ahubwo ko ryerekeza no ku cipfuzo gikomeye co gutabara uwo muntu ukamukiza ikimutera uwo mubabaro.»
-