-
Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
6, 7. Ni igiki cerekena ko Yezu yamye akora atiziganya?
6 Kuva kera na rindi, Yezu yamye akora atiziganya. Imbere y’uko aba umuntu nkatwe, yari “umukozi w’umuhanga” w’Imana igihe ibintu vyose vyo “mw’ijuru no kw’isi” vyaremwa. (Imigani 8:22-31; Abakolosayi 1:15-17) Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yagumye akora atiziganya. Akiri muto, yarize umwuga wo kwubaka, bituma amenyekana ko ari “umubaji.”a (Mariko 6:3) Uwo mwuga wasaba inguvu nyinshi n’ubuhanga butandukanye, narirya muri ico gihe hatari bwaboneke inganda basaturiramwo imbaho, imangazini z’ibikoresho vyo kwubaka be n’ivyuma bikoreshwa n’umuyagankuba. Woba ushobora kwiha ishusho Yezu ubwiwe agiye kurondera ibiti vyo kwubaka, kumbure mbere ariko aricira ibiti yongera akirana n’ibigiga abijana aho ariko arakorera? Woba ushobora kwiha ishusho ariko arubaka amazu, ni ukuvuga ategura yongera amanika amatanga y’inzu, akora imiryango eka mbere abaza ibikoresho bimwebimwe vyo mu nzu? Nta gukeka ko Yezu ubwiwe yiboneye agahimbare kazanwa n’ugukora atiziganya abigiranye ubuhanga.
-
-
Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umubaji” bivugwa ko “ryerekeza muri rusangi ku muntu akoresha ibiti, haba mu kwubaka amazu, mu guhingura ibikoresho vyo mu nzu canke ibindi bintu bikozwe mu biti.”
-