-
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibuYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Yezu aca atanga akandi karorero. Ubu ho yerekana ko abakuru b’idini badakorera Imana kubera ukuvyirengagiza gusa. Ahubwo ni ababisha. Yigana ati: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu, awukikuza uruzitiro, hanyuma yimba ikinogo c’uruganiro rw’umuvinyu, yubaka n’umunara, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga. Igihe kigeze, atuma umushumba kuri nya barimyi, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu. Mugabo baramufata, baramuhuragura hanyuma bamurungika imbokoboko. Yongera atuma uwundi mushumba kuri bo; uwo na we baramukubita ku mutwe bongera baramutetereza. Hanyuma atuma uwundi, uwo na we barica; n’abandi benshi, bamwe muri bo barabahuragura, abandi na bo barabica.”—Mariko 12:1-5.
Abariko barumviriza Yezu boba batahura ako karorero? Bashobora kuba bibuka amajambo Yesaya yavuze yagiriza Abisirayeli ati: “Umurima w’imizabibu wa Yehova nyen’ingabo [ni] inzu ya Isirayeli, abantu ba Yuda na bo bakaba igitâra yakunda cane. Kandi yaguma yiteze urubanza rugororotse, mugabo, ehe hari ukurenga itegeko.” (Yesaya 5:7) Akarorero ka Yezu kavuga ibintu bisa n’ivyo. Yehova ni we nyene uwo murima, ihanga rya Isirayeli na ryo ni uwo murima w’imizabibu ukingiwe n’amategeko y’Imana agereranywa n’uruzitiro. Yehova yararungitse abahanuzi kugira bigishe abantu biwe maze babafashe kwama ivyamwa vyiza.
-
-
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibuYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Gutyo, bariciriye urubanza batabizi, kuko bari muri abo “barimyi” bo mu “murima w’imizabibu” wa Yehova, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli. Mu vyamwa Yehova yiteze ko abo barimyi bama harimwo ukwizera Umwana wiwe ari we Misiya. Yezu aritegereza abo bakuru b’idini maze akavuga ati: “Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka. Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu’?” (Mariko 12:10, 11) Yezu aca atomora ico ashatse kuvuga ati: “Ni co gituma ndababwiye nti: Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.”—Matayo 21:43.
-