-
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibuYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Ariko rero, “abarimyi” barakubaguye “abashumba” babatumweko bongera barabica. Yezu asigura ati: “[Nyene umurima w’imizabibu] yari afise wundi umwe, umwana w’umukundwa. Amurungika kuri bo ari we wa nyuma, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje.’ Mugabo abo barimyi bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu.’ Nuko baramufata baramwica.”—Mariko 12:6-8.
-
-
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibuYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abaherezi barabona ko Yezu “atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira.” (Luka 20:19) Icipfuzo co kumwica we “samuragwa” abibereye gica kirushiriza gukomera. Ariko baratinya isinzi kuko ribona ko Yezu ari umuhanuzi, ivyo bikaba bituma batarondera kumwica ubwo nyene.
-