ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo?
    Umunara w’Inderetsi—1997 | 1 Ndamukiza
    • Abayoboke ba Yezu Babaza Ikibazo Gihambaye

      Abayoboke ba Yezu bategerezwa kuba baratangaye rwose. Yezu yari ahejeje kubabwira mu majambo atomoye, yuko inyubakwa z’urusengero rw’i Yeruzalemu zitangaje zosanganguwe bimwe bishitse! Imbǔri mwen’iyo yatuma umuntu yumirwa. Gatoyi inyuma y’aho, bicaye ku Musozi wa Elayono, bane muri nya bayoboke babajije Yezu bati: “Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki c’[ukuhaba kwawe n’ic’umuhero w’ivy’iyi si]?” (Matayo 24:3; Mariko 13:1-4) Bayitahura canke batayitahura, inyishu Yezu yatanze yobaye yerekeye ibintu bitari bimwe.

      Isangangurwa ry’urusengero rw’i Yeruzalemu hamwe n’umuhero w’ivy’Abayuda ntivyobereye mu gihe kimwe n’ukuhaba kwa Kirisitu hamwe n’umuhero w’ivy’iyi si vyose uko bingana. Ariko rero, mu nyishu yiwe iramvūye, Yezu n’ubuhanga n’akantu yaratanze inyishu kuri iyo mice yose y’ico kibazo. Yarababwiye ukuntu ibintu vyobaye bimeze imbere y’isangangurwa rya Yeruzalemu; yarababwiye kandi ukuntu isi yobaye imeze mu kiringo c’ukuhaba kwiwe, igihe yobaye ariko ategeka bwa Mwami mw ijuru kandi agabirije kuzana umuhero w’ivy’iyi si vyose.

      Umuhero wa Yeruzalemu

      Banza wihweze ivyo Yezu yavuze ku biraba Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Imyaka irenga mirongo itatu imbere y’uko biba, yaravuze ivy’igihe c’amagume y’agakomeye yoshitse kuri kimwe mu bisagara bikomeye birushirije mw isi. Raba canecane amajambo yavuze yanditswe muri Luka 21:20, 21: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” Niba Yeruzalemu hokikijwe, hakazungurukwa n’ibitero, ‘abari hagati yaho’ boshoboye gute ‘kuhasokoroka’ bitagoranye nk’uko Yezu yari yabibabwirije? Biragaragara, Yezu yariko akikiririza ku vy’uko hariho akaryo kobonetse. Koba none karabonetse?

      Mu 66 G.C., ingabo z’Abaroma zitegekwa na Cestius Gallus zarashoreye inteko z’abagarariji b’Abayuda bazisubiza i Yeruzalemu hanyuma babajunjika mu gisagara. Abaroma mbere baragize igitero mu gisagara ubwaco, baranashikira igihome c’urusengero. Mugabo ico gihe Gallus yarategetse ingabo ziwe kugira ikintu vy’ukuri kidasigurika. Yababwirije kwidohora bakavayo! Abasirikare b’Abayuda n’umwishimo bǎrasokorotse barakurikirana kandi barateza uruhombo abansi babo b’Abaroma bariko barahunga. Gutyo rero ka karyo Yezu yavuga kari kabonetse. Abakirisu b’ukuri barafashe nka nkama imburizi yatanze hanyuma barava i Yeruzalemu. Iyo ngingo yaranga ubwenge, kuko hapfuye guca imyaka ine ingabo z’Abaroma ziragaruka, ziri kumwe na Jenerali Titus abarongōye. Ico gihe nta guhunga kwashobora kuba.

      Ingabo z’Abaroma zarasubiye gukikiza Yeruzalemu; zirubaka uruzitiro rw’ibiti bisongoye ku nkikuro zaco. Yezu yari yaramenyesheje ivyerekeye Yeruzalemu ati: “Imisi izokuzako, ah’abansi bawe [bazokwubaka uruzitiro rw’ibiti bisongoye ru]gukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zoze.”a (Luka 19:43) Bidatevye, Yeruzalemu haratemvye, urusengero rwaho rw’akaroruhore rwaraciwe amatongo afumba umwotsi. Amajambo ya Yezu yari yarangutse bimwe bishitse!

      Ariko rero Yezu mu muzirikanyi yari afise n’ibindi, turetse ivy’iryo sangangurwa rya Yeruzalemu. Abayoboke biwe bari bamubajije kandi ivyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Ico gihe nta vyo bari bazi, mugabo ico cari cerekeye igihe yobaye yimitswe ngo ahangame ari Umwami mw ijuru. Ni ibiki yamenyesheje?

  • Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo?
    Umunara w’Inderetsi—1997 | 1 Ndamukiza
    • a Ngaho Titus yategerezwa gutsinda. Ariko rero mu biringo bibiri bihambayehambaye, ntiyashikije ivyo agomba. Yarasavye ko botanga imihoho mu mahoro, mugabo abakuru b’igisagara baravyankanye akagama, mu buryo budasigurika. Hanyuma igihe ibihome vy’igisagara vyari bimaze gusenyurwa, yarasavye ko urusengero rurekwa. Yamara rwatongōwe n’umuriro ubudasigazwa! Ikimenyeshakazoza ca Yezu cari caratomoye icese ko Yeruzalemu horimaguritse n’uko urusengero rwosenyaguwe ubudasigazwa.—Mariko 13:1, 2.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika