-
Asenga ari mu mubabaro mwinshiYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Bashitse aho hantu hateye igomwe mu biti vy’imyelayo, Yezu asiga ng’aho umunani mu ntumwa ziwe. Birashoboka ko basigara hafi y’irembo ry’iryo tongo, kuko ababwira ati: “Icare ng’aha umwanya ngiye harya hirya gusenga.” Nuko ahitana batatu muri bo ari bo Petero, Yakobo na Yohani, akigira imbere muri iryo tongo. Arahagarika umutima cane, akababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane, imwe yo kunyica. Sigare ng’aha, mugumane maso nanje.”—Matayo 26:36-38.
-
-
Asenga ari mu mubabaro mwinshiYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Igihe Yezu yari mw’ijuru, yarabonye umubabaro ukomeye abandi bagira igihe bariko baricwa n’Abaroma. Naho ari umuntu afise impuhwe kandi ashobora kubabara, ivyimirije kumushikira si vyo bimuraje ishinga. Ahubwo riho, ababajwe n’uko yimirije kwicwa nk’inkozi y’ikibi katwa, ivyo bikaba bishobora gusiga iceyi izina rya Se. Mu masaha makeyi araza kumanikwa nk’aho yoba yarogose ku Mana.
-