-
Ivya wa mutunzi na Lazaro bihindukaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Agira ati: “Itegeko n’Abahanuzi vyabayeho gushika kuri Yohani. Guhera ico gihe, ubwami bw’Imana buramenyeshwa bwa nkuru nziza, kandi abantu b’uburyo bwose barabandana ngo babushikire. Vy’ukuri, icoroshe ni uko ijuru n’isi bivaho hako hagira akavunji k’urudome na kamwe ko mw’Itegeko kagenda katarangutse.” (Luka 3:18; 16:16, 17) None ayo majambo ya Yezu yerekana gute ko ibintu biriko birahinduka?
-
-
Ivya wa mutunzi na Lazaro bihindukaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Amategeko Imana yahaye Musa ntiyabaye impfagusa: yarashikanye Abisirayeli kuri Mesiya. Vyongeye, ivyo kuyubahiriza bigiye kurangira. Nk’akarorero, ayo mategeko yaremera kwahukana bitumwe n’impamvu zitandukanye, ariko ubu Yezu avuga ko “umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo.” (Luka 16:18) Ese ukuntu ayo majambo ashavuza Abafarizayo, narirya bakunda kwishingira amategeko ku kantu kose!
-