-
Yeruzalemu be n’urusengero Yezu yakunda kujamwo‘Raba ca gihugu ciza’
-
-
Akenshi Yezu yaragendera abagenzi biwe Lazaro, Mariya na Marita baba i Betaniya, ‘nko ku bilometero bitatu’ amaja mu Buseruko uvuye i Yeruzalemu (Yh 11:1, 18, akajambo k’epfo; Yh 12:1-11; Lk 10:38-42; 19:29; raba ahavuga ngo “Akarere ka Yeruzalemu”, ku rupapuro rwa 18.). Hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu apfe, yaraje hafi y’i Yeruzalemu aciye ku Musozi wa Elayono. Niwihe ishusho ahagaze araba ico gisagara cari mu Burengero yongera akiririra (Lk 19:37-44). Ashobora kuba yabonye nk’ivyo ubona biri hejuru ku rupapuro rukurikira. Yaciye yinjira i Yeruzalemu ari ku nyana y’indogoba, kumbure aciye muri rimwe mu marembo y’ico gisagara yo mu Buseruko. Amasinzi y’abantu yaramuvugirije impundu nka we Mwami wa Isirayeli wo muri kazoza.—Mt 21:9-12.
-
-
Yeruzalemu be n’urusengero Yezu yakunda kujamwo‘Raba ca gihugu ciza’
-
-
[Ifoto ku rup. 31]
Uravye mu Burengero, uhereye ku Musozi wa Elayono mu gihe ca Yezu
-