-
«Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
17, 18. Ni kubera iki abantu bakwiye kwumva ko Imana ibakwēgēra, kandi ni igiki dushobora kwigira ku buryo Pawulo yakoresheje kugira ngo ashimishe abariko bamwumviriza?
17 Abantu barakwiye kwumva ko Imana ibakwēgēra. Pawulo yavuze ko kuba “dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho,” tubikesha Imana. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Pawulo yariko yerekeza ku vyavuzwe n’umuryoshamvugo umwe w’Umunyakirete yitwa Épiménide wo mu kinjana ca gatandatu imbere ya Kristu, akaba n’«umuntu yemerwa cane mu bijanye n’imigenzo y’ivy’idini y’Abanyatene.» Pawulo yarerekanye iyindi mvo ikwiye gutuma abantu bumva ko Imana ibakwēgēra, ati: «N’abaryoshamvugo banyu bamwe barayamaze bati: “Erega natwe turi abana bayo.”» (Ivyak. 17:28) Abantu barakwiye kwumva ko hari ico bapfana n’Imana; ni yo yaremye umuntu umwe, uwo abantu bose bakomokako. Kugira ngo Pawulo ashimishe abo yariko abwira inkuru nziza, abigiranye ubukerebutsi, yarasubiyemwo mu majambo ivyo Abagiriki banditse, bino bikaba ata gukeka vyarubahwa n’abariko bamwumviriza.e Mu kwigana ako karorero ka Pawulo, na twebwe twoshobora rimwe na rimwe gusubiramwo ibivugwa mu bitabu vyo mw’isi vyigana inkuru za kahise, ibivugwa mu bitabu vy’inkoranyabumenyi, canke ibivugwa mu bindi bitabu vyubahwa n’abantu. Nk’akarorero, gusubiramwo amajambo abereye akuwe mu gitabu cubahwa n’abantu, vyoshobora kujijura umuntu atari Icabona ku bijanye n’inkomoko y’imigenzo be n’imisi mikuru bimwebimwe vyo mw’idini ry’ikinyoma.
-
-
«Nibarondere Imana, baheze bayironke vy’ukuri»“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
e Pawulo yasubiyemwo amajambo aboneka mu cese kimwe citwa Phénomènes, canditswe n’umuryoshamvugo w’Umusitoyiko yitwa Aratusi. Ayo majambo nyene araboneka mu bindi bitabu Abagiriki banditse, harimwo n’ururirimbo rwitwa Hymne à Zeus, rwatunganijwe n’umwanditsi w’Umusitoyiko yitwa Cléanthe.
-