ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Nimwumve ukwiregura kwanje”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • 5 Muri ico kiganiro, Pawulo ashobora kuba yaravuze ibijanye n’imfashanyo yari yaje azanye azikuye i Buraya. Ukwo kwitwararika abandi kwagaragajwe n’abavukanyi bo mu turere twa kure gutegerezwa kuba kwarakoze ku mutima abo bakurambere. Emwe, iyo nkuru irerekana ukuntu abo bakurambere bakiriye ako gakuru keza Pawulo yabiganiye, iti: «Batangura kuninahaza Imana»! (Ivyak. 21:20a) Muri iki gihe, abavukanyi benshi barashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka canke bakarwara indwara zibabaje cane, na bo nyene barakorwa ku mutima bimwe bigera kure igihe abakirisu bagenzi babo babagarukiyeko kandi bakabaremesha.

      Benshi bari “bagifitiye umwete amategeko” (Ivyak. 21:20b, 21)

      6. Ni ingorane iyihe Pawulo yamenyeshejwe?

      6 Abo bakurambere baciye bamenyesha Pawulo ko i Yudaya hariho ingorane yari yatewe n’urukurukuru rwavugwa ku bimwerekeye. Bamubwiye bati: «Muvukanyi, urabona ko hari Abayuda ibihumbi n’ibihumbi bizera, kandi bose barafitiye umwete amategeko. Mugabo barumvise urukurukuru yuko umaze igihe wigisha Abayuda bose bo mu mahanga guheba amategeko ya Musa, ubabwira kutagenyera abana babo no kudakurikiza imigenzo yo kuva kera.»a​—Ivyak. 21:20b, 21.

      7, 8. (a) Ni gute abakirisu benshi b’i Yudaya babona ibintu mu buryo butari bwo? (b) Ukwo kuntu abakirisu b’Abayuda babona ibintu, ni kubera iki bitasobanura ko bahevye Imana?

      7 Ni kubera iki none abakirisu benshi cane bari bagifitiye umwete amategeko ya Musa kandi hari haciye imyaka irenga 20 ayo mategeko atagikora? (Kol. 2:14) Mu 49 inyuma ya Kristu, intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu bari bararungikiye amashengero ikete ryasigura yuko bitari ngombwa ko abakirisu bo mu mahanga bagenyerwa canke ngo bakurikize amategeko ya Musa. (Ivyak. 15:23-29) Ariko rero, iryo kete ntiryavuga ibijanye n’abakirisu b’Abayuda, benshi muri bo bakaba batatahura yuko amategeko ya Musa atari agikora.

      8 Ukwo kuntu abo bakirisu b’Abayuda babona ibintu mu buryo butari bwo, vyoba none vyatuma bataba bakibereye kwitwa abakirisu? Habe namba. Ivyabo ntivyari bimeze nk’aho boba bari bahoze basenga ibimana vy’abapagani, maze ico gihe bakaba bari bakibandanya gukurikiza imigenzo y’idini bahoramwo kera. Amategako ya Musa abo bakirisu b’Abayuda babona ko ahambaye, yari yakomotse kuri Yehova. Ayo mategeko ubwayo, nta kabi kayo. Ariko rero, yari ayo mw’isezerano rya kera, narirya abakirisu bo muri ico gihe bagengwa n’isezerano rishasha. Ico gihe, ugusenga gutyoroye ntikwari kugishingiye ku kwubahiriza ivyari mw’isezerano rishingiye kuri ayo mategeko. Abo bakirisu bʼAbayuda bari bagifitiye umwete ayo mategeko ntibatahura neza ibijanye n’ishengero rya gikirisu, kandi ntibaryizigira. Bari bakeneye guhindura ukuntu babona ibintu, maze bakabaho bahuza n’ukuri kwagenda kurahishurwa intambwe ku yindi.b​—Yer. 31:31-34; Luka 22:20.

  • “Nimwumve ukwiregura kwanje”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • a Amashengero menshi ategerezwa kuba yagirira amakoraniro mu mazu y’abavukanyi kugira ngo abakirisu b’Abayuda benshi ukuraho bitwararikwe neza mu vy’impwemu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika