ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
    • 11. (a) Ni ibikorwa ibihe vy’agaciro birangūrwa n’abakenyezi dukurikije uko vyatunganijwe n’Imana? (b) Ni ryari babwirizwa kwambara igipfuka umutwe, kubera iki?

      11 Ivyanditswe bivuga ko amabanga y’uguhagarikira Ishengero ashingwa abantu b’abagabo. Uko si ugukengera abantu b’abagore na buhoro buhoro, kuko abatari bake baharūrwa muri basamuragwa b’Ubwami bw’ijuru. Abakirisu b’abakenyezi na bo nyene barafasha mu vy’ugutuma Ishengero riyagwa neza, kubera ukwifata ruto n’ukwityorora mu ngeso zabo, hamwe no kwitwararikana umwete abo mu rugo. (Tito 2:3-5) Kenshi na kenshi barakora igikorwa kinini mu vy’ukuronka abantu bashasha, bakabazana mw Ishirahamwe ry’Imana. (Zaburi 68:11) Ariko ivy’ukwigisha mw Ishengero, bigirwa n’abantu b’abagabo bācaguwe. (1 Timoteyo 2:12, 13) Nk’igihe ata muntu w’umugabo abishoboye ashika ku makoraniro yatunganijwe n’Ishengero, umukenyezi arashobora kwambara igipfuka umutwe mu kuyahagarikira canke mu gusenga. a Gutyo rero aba yerekanye ko yubaha ivyo Yehova yatunganije, nk’uko na Yezu nyene yahaye bose akarorero mu kwicisha bugufi imbere ya Se.—1 Ab’i Korinto 11:3-16; Yohani 8:28, 29.

  • Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
    • a Mugabo si ngombwa ngo yambare igipfuka umutwe igihe ariko yamamaza inkuru nziza ava mu nzu aja mu yindi, kuko ibanga ry’ukwamamaza inkuru nziza ryashinzwe abakirisu bose. Ariko igihe bishitse ko arongōra inyigisho ya Bibiliya n’umugabo wiwe ariho ari (we mutwe wiwe, naho atoba ari umukirisu), ategerezwa gukoresha igipfuka umutwe. Canke nk’igihe vyoshika ko arongōra inyigisho ya Bibiliya yateguye ko iza kugirwa, hari umuntu w’umugabo wo mu bagize Ishengero yamaze kwiyegurira Imana, ategerezwa gupfuka umutwe, mugabo uyo mwenedata ni we yoshikiriza isengesho.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika