ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 5. Nuhitemwo witonze uwo muzokwubakana

      Mu ngingo zidasanzwe umuntu afata harimwo guhitamwo uwo bazokwubakana. Nimusome Matayo 19:4-6, 9, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki umukirisu akwiye kuzirikana yitonze imbere yo guhitamwo uwo bazokwubakana?

      Bibiliya irashobora kugufasha kumenya ukuntu uwo mwokwubakana abereye akwiye kuba ameze. Igihambaye kuruta ibindi vyose, ni uguhitamwo umuntu akunda Yehova.b Nimusome 1 Abakorinto 7:39 na 2 Abakorinto 6:14, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kubera iki dukwiye kwubakana gusa n’abo dusangiye ukwizera?

      • Wibaza ko Yehova yokwiyumva gute abonye duhisemwo kwubakana n’umuntu atamukunda?

      Ishuri ikomeye n’indogobwa ikiri nto biboheye ku ngogo imwe, bikaba vyanse ko bitambuka.

      Igihe ibikoko bibiri bitangana bibohewe ku ngogo imwe, vyompi birahabonera. Muri ubwo buryo nyene, umukirisu yubakanye n’umuntu badasangiye ukwemera arahura n’ingorane nyinshi

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
Rungika