-
Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
5. Nuhitemwo witonze uwo muzokwubakana
Mu ngingo zidasanzwe umuntu afata harimwo guhitamwo uwo bazokwubakana. Nimusome Matayo 19:4-6, 9, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki umukirisu akwiye kuzirikana yitonze imbere yo guhitamwo uwo bazokwubakana?
Bibiliya irashobora kugufasha kumenya ukuntu uwo mwokwubakana abereye akwiye kuba ameze. Igihambaye kuruta ibindi vyose, ni uguhitamwo umuntu akunda Yehova.b Nimusome 1 Abakorinto 7:39 na 2 Abakorinto 6:14, muce muganira kuri ibi bibazo:
Kubera iki dukwiye kwubakana gusa n’abo dusangiye ukwizera?
Wibaza ko Yehova yokwiyumva gute abonye duhisemwo kwubakana n’umuntu atamukunda?
Igihe ibikoko bibiri bitangana bibohewe ku ngogo imwe, vyompi birahabonera. Muri ubwo buryo nyene, umukirisu yubakanye n’umuntu badasangiye ukwemera arahura n’ingorane nyinshi
-