ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 29. Ni igiki kigereranywa n’“ikinyenyeri kinini caka nk’itara,” kandi kubera iki?

      29 Yezu aramaze gukoresha inyenyeri mu buryo bw’ikigereranyo muri bwa butumwa yarungikira amashengero indwi, inyenyeri indwi zikaba zigereranya abakurambere b’amashengero.b (Ivyahishuwe 1:20) Izo “nyenyeri” hamwe n’abandi bakirisu barobanuwe, bari mu bibanza vyo mw’ijuru mu buryo bw’impwemu kuva igihe badomwako ikidodo c’impwemu nyeranda bwa cemeza c’uko bazoronka intoranwa yo mw’ijuru. (Abanyefeso 2:6, 7) Ariko rero, intumwa Paulo yagabishije ko muri abo nyene bameze nk’inyenyeri hokwadutse abahuni bazana imice kugira bazimize ubusho. (Ivyakozwe 20:29, 30) Ubwo buhemu bwovyaye ubuhuni bukomeye, kandi abo bakurambere baguye bohavuye baba wa muntu w’ubugarariji agizwe na benshi yokwidugije akishira mu kibanza c’Imana mu bantu. (2 Abatesalonika 2:3, 4) Amajambo ya Paulo yarangutse igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu baduka mw’isi. Birabereye kuba uwo mugwi wabo ugereranywa n’“ikinyenyeri kinini caka nk’itara.”

  • Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 31. (a) Ni ryari abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bakorotse bavuye mu kibanza co “mw’ijuru”? (b) Ni gute amazi batanga yacitse “ibamba,” kandi benshi vyabaviriyemwo iki?

      31 Igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bata ubukirisu bw’ukuri, barakorotse bavuye mu kibanza co hejuru “mw’ijuru” Paulo avuga mu Banyefeso 2:6, 7. Aho gutanga amazi aryoshe y’ukuri, batanze “ibamba,” ni ukuvuga ibinyoma biteye akaga nka ya nyigisho y’umuriro udahera, Ubutatu n’imwe ivuga ko Imana yandika imbere y’igihe ibishikira umuntu. Vyongeye, baratumye abantu bo mu mahanga bisuka mu ntambara aho kubaremesha kuba abasavyi b’Imana bigenza runtu. None havuyemwo iki? Vyatumye abemeye ivyo binyoma bononekara mu vy’impwemu. Ivyabo vyasa n’ivy’Abisirayeli b’abahemu bo mu gihe ca Yeremiya, abo Yehova yabwiye ati: “Ehe ngira ndabarishe ibamba, kandi nzobanywesha amazi arimwo ubumara. Kuko ubuhuni bwakwiragiye mu gihugu cose buvuye ku bahanuzi ba Yeruzalemu.”—Yeremiya 9:15; 23:15.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika