ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 10. Umugabo ariko asoma icanditswe muri Bibiliya y’Icabona bicaranye mw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova.

      ICIGWA CA 10

      Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?

      Woba urigera witaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova? Ushobora kuba uhagaritse umutima wiyumvira ukuntu bizogenda ushitseyo ari bwo bwa mbere. Ushobora kuba uriko wibaza uti: ‘Ni ibiki bibera kuri ayo makoraniro? Kubera iki ahambaye? Kubera iki noyitaba?’ Muri iki cigwa uraza kubona ingene gukoranira hamwe n’abandi bishobora gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana bikongera bikagufasha ku giti cawe bwite.

      1. Imvo nyamukuru ituma dukoranira hamwe n’abandi ni iyihe?

      Raba ivyo umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ku bijanye n’imvo nyamukuru ituma dukoranira hamwe n’abandi, ati: “Nzohezagira Yehova mu makinja akoranye.” (Zaburi 26:12) Muri ubwo buryo nyene Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no gukoranira hamwe n’abandi ku bwo gusenga. Hirya no hino kw’isi, barahurira hamwe buri ndwi kugira bashemeze Imana, baririmbe bongere basenge. Mu bihe bimwebimwe na ho buri mwaka, barahurira hamwe ari imigwi mininiminini.

      2. Ni ibiki uzokwiga ku makoraniro yacu?

      Kuri ayo makoraniro, ahanini twiga Ijambo ry’Imana, “rikaza rirasigurwa ryongera ritangirwa insobanuro.” (Soma Nehemiya 8:8.) Niwayitaba uzokwiga ivyerekeye Yehova be n’ukuntu ameze. Kandi uko uzorushiriza kumenya ko agukunda ni ko uzorushiriza kumwiyegereza. Uzomenya kandi ukuntu ashobora kugufasha kugira ubuzima buhimbaye.—Yesaya 48:17, 18.

      3. Kwitaba amakoraniro yacu vyokugirira akamaro akahe?

      Yehova adusaba ko ‘twiyumvirana kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza no kudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.’ (Abaheburayo 10:24, 25) Ku makoraniro yacu, uzohahurira n’abantu bitwararikana kandi bipfuza kwiga ivyerekeye Imana nkawe. Uzohimbarwa kandi no kwumva ivyiyumviro biremesha bakuye muri Bibiliya. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Vyongeye uzomenyana n’abandi basavyi ba Yehova bahimbawe naho batabuze ingorane. Izo ni imvo zimwezimwe zituma Yehova yipfuza ko twama dukoranira hamwe n’abandi.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ibibera mu makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, be n’igituma bihambaye ko twigora tukayitaba.

      4. Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova

      Abakirisu bo mu ntango bama bakoranira hamwe kugira basenge Yehova. (Abaroma 16:3-5) Nimusome Abakolosayi 3:16, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Abakirisu bo mu ntango basenga Yehova gute?

      No muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bama bakoranira hamwe mu bibanza vyabo vyo gusengeramwo. Kugira wibonere uko ayo makoraniro yabo agenda, nimurabe iyo VIDEWO. Nimuce muraba kuri iyo foto yerekana abantu bari mw’ikoraniro, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga (2:12)

      • Ni amasano ayahe wabonye hagati y’ibibera mu makoraniro y’Ivyabona vya Yehova n’ibivugwa mu Bakolosayi 3:16?

      • Muri iyo videwo canke kuri iyo foto, hari ikindi kintu washimye ku bijanye n’amakoraniro?

      Nimusome 2 Abakorinto 9:7, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki mu makoraniro y’Ivyabona vya Yehova badatoza imperezwa canke ibigiracumi?

      Uri kumwe n’uwukwigisha Bibiliya nimurabire hamwe ivyo tuzokwiga kuri rimwe mu makoraniro yo muri ino ndwi.

      • Ni igice ikihe c’ikoraniro kikuryoheye kuruta?

      Wari ubizi?

      Kuri jw.org urashobora kuhasanga umwanya n’ikibanza amakoraniro aberako hirya no hino kw’isi.

      Amafoto: Amafoto yerekana abantu bari ku Ngoro y’Ubwami, imbere y’amakoraniro, mu kiringo c’amakoraniro be n’inyuma yayo. Ayo mafoto ni yo nyene agaruka kuva kuri A gushika kuri D. A. Umugabo w’Icabona ariko arashikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya kw’ikoraniro. B. Umukenyezi w’Icabona ariko arishura mw’ikoraniro mu kiganiro c’ibibazo n’inyishu. C. Umugabo w’Icabona ariko araganira n’abagize umuryango inyuma y’ikoraniro. D. Umugabo w’Icabona yugururiye umuryango umutama yinjiye mu Ngoro y’Ubwami.
      1. Amakoraniro yacu aba agizwe n’insiguro, udukino n’amavidewo. Atanguzwa kandi agasozerwa n’ururirimbo be n’isengesho

      2. Mu biganiro bimwebimwe abumviriza barashobora gushikiriza ivyiyumviro

      3. Abantu bose barashobora kuyitaba, yaba imiryango, abatarubaka, abageze mu zabukuru be n’abana

      4. Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa

      5. Kwitaba amakoraniro bisaba akigoro

      Raba nk’akarorero umuryango Yezu yakuriyemwo. Kugira bitabe umusi mukuru waba buri mwaka, bagira urugendo rw’imisi itatu n’amaguru, bava i Nazareti baja i Yeruzaremu kandi baca mu misozi. Nimusome Luka 2:39-42, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wibaza ko kugira urwo rugendo rwo kuja i Yeruzalemu vyari vyoroshe?

      • Kubera iki kwitaba amakoraniro vyogusaba akigoro?

      • Wibaza ko vyoba bihambaye kugira ako kigoro? Kubera iki wishuye gutyo?

      Amafoto: Yozefu, Mariya na Yezu n’umwe mu bo bavukana na Yezu bariko bitegurira urugendo. 1. Yozefu ariko arashira umuzigo ku gitwazi, Mariya nawe ariko yegeranya ibifungurwa. 2. Ikarata yerekana urugendo rwo kuva i Nazareti uja i Yeruzalemu.

      Bibiliya ivuga ko kwitaba amakoraniro bihambaye cane. Nimusome Abaheburayo 10:24, 25, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki tudakwiye gusiba ku makoraniro?

      HARI ABAVUGA BATI: “Si ngombwa ngo uje mu makoraniro; naho wosengera muhira nta ngorane.”

      • Ni icanditswe ikihe canke akarorero akahe ko muri Bibiliya wokoresha mu gusigura uko Yehova abibona?

      INCAMAKE

      Kwitaba amakoraniro bizogufasha kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova, gukomeza ubucuti ufitaniye na we be no kumusenga uri kumwe n’abandi.

      Wize iki?

      • Kubera iki Yehova adusaba kwitaba amakoraniro?

      • Ni ibiki uzokwigira ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova?

      • Hari ikindi kintu ubona amakoraniro yokumarira?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Woba utinya kwitaba amakoraniro? Raba icatumye uwo mugabo akunda amakoraniro.

      Ntituzopfa twibagiye ukuntu yaturamukije (4:16)

      Nurabe ingene uyu musore yahavuye akunda amakoraniro be n’ico yakoze kugira agume ayitaba.

      Narakunze cane amakoraniro (4:33)

      Nurabe ingene abandi biyumva igihe bitavye amakoraniro.

      “Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Raba ingene umugabo yahoze mu kagwi k’inkozi z’ikibi yahindutse kuva aho atanguriye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova.

      “Nta ho naja ntafise inkoho yanje” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2014)

  • Ubwami bw’Imana buraganza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 5. Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914

      Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914 (1:10)

      Yezu yari yaravuze ibintu vyobaye kw’isi amaze kuba Umwami. Nimusome Luka 21:9-11, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Muri ivyo bintu dusomye, ni ibiki umaze kwibonera canke kwumva?

      Intumwa Paulo yaravuze ukuntu abantu bobaye bameze mu kiringo ca nyuma c’intwaro z’abantu. Nimusome 2 Timoteyo 3:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Woba umaze kwibonera abantu bameze gutyo muri iki gihe?

      Amafoto: Amafoto yerekana ingene mu misi ya nyuma ibintu vyobaye vyifashe. 1. Intwazangabo iriko isemerera yadugije amaboko hejuru. 2. Inzu zabomaguritse kubera nyamugigima. 3. Indege za gisirikare. 4. Abantu bambaye udupfuka umunwa n’izuru bariko bagendagenda. 5. Za gorofa zibiri zisa zo muri Amerika ziriko zirasha inyuma y’igitero ca ba gaterabwoba. 6. Umugabo ariko akoresha ibiyayuramutwe. 7. Umugabo ariko ashwanira umugore wiwe. 8. Ibiyayuramutwe bitandukanye hamwe n’inzoga. 9. Abagore babiri bambaye impuzu zigezweho bariko barifotora. 10. Umugabo ariko aririmbira imbere y’abantu mu giteramo. 11. Umuntu ari mu migumuko agira atere ikintu.

      6. Niwerekane yuko wemera ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza

      Nimusome Matayo 24:3, 14, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Ni igikorwa gihambaye ikihe cerekana ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza?

      • Ni gute wogira uruhara muri ico gikorwa?

      Ubu Ubwami bw’Imana buriko buraganza, kandi igihe c’uko buganza isi yose kiriko kiregereza. Nimusome Abaheburayo 10:24, 25, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni igiki umwe wese muri twebwe yokora uko ‘tubona uwo musi wegereza’?

      Amafoto: 1. Umutohoji yitavye ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. 2. Wa mutohoji nyene ariko abwira inkuru nziza uwundi muntu.

      Hamwe womenya ikintu cofasha abandi kandi cobarokora, woca ukora iki?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika